J’ai seulement changé d’arme mais le combat continu

1908168_797842593627540_7437057167968601179_n

CIRAMUNDA, de colonel rebelle à patron d’une station radio, un parcours atypique pour un combattant de la liberté

Depuis février 2015, le web burundais bénéficie d’un nouveau venu. Il s’agit d’une webradio qui déferle la chronique dans tout le pays. Une première dans le monde médiatique burundais !

La Radio BUJUMBURA Internationale, puisque c’est d’elle qu’il s’agit est suivi dans tout le pays et dans le monde grâce à la collaboration avec la célèbre plateforme « soundcloud » qui permet à toute personne connecté de suivre la webradio avec une aisance sans précédant.

Le responsable de cette station qui émet en direct sur « www.radio-bujumbura.com » n’est autre que le fondateur de l’Agence BUJUMBURA News, Monsieur CIRAMUNDA-DELVAUX Richard dont fait partie également le numéro un mondial des sites d’information sur le Burundi j’ai cité « www.bujumbura.be dénommé aussi BUJUMBURA News ou « bujanews » pour les intimes.

Dans sa première édition du journal de 20 heures en français le dimanche 1er février 2015, CIRAMUNDA annonçait aux auditeurs que désormais il change d’arme mais n’abandonne pas pour autant la lutte pour un Burundi meilleur. Je vais donner la parole à toutes les personnes qui veulent s’exprimer sans distinction aucune.

Désormais, l’ancien chef rebelle a tronqué son revolver par un micro. Depuis, les critiques et les insultes ont fait place aux éloges et aux félicitations. En un mois, il a déjà eu plus de trente invités dans son journal. On y retrouve pèle mêle des ministres, des présidents de partis politiques (oppositions et mouvance présidentielle), des candidats à la présidence, des acteurs de la société civile, des journalistes, … et bien entendu des burundais qui veulent s’exprimer sur l’un ou l’autre question à la une.

A part le journal parlé, la RBI offre aussi des émissions phare telle que les hebdomadaires en français (Hebdo Burundi) et en kirundi (Havuzwe iki?). Une nouvelle émission vedette porte désormais le titre de « YAGIRA ABARUNDI » qui donnera la parole aux personnalités éprises du changement dans notre pays.

Il faut dire sincèrement que la RBI porte bien son slogan qui est « La voix des burundais dans le monde« . Un slogan que tout burundais voudrai apporter sa brique pour son édifice.

Bonne chance à la première webradio  du Burundi !

KABURUNDI Jean Jacques

3 réflexions sur “J’ai seulement changé d’arme mais le combat continu

  1. Ndasubiriye kugaruka gutanga ivyiyunviro vyanje kubiriko birabera mu gihugu c’uno munsi. Aha kw’isi nta gicumuro kinini gusumba « Kulamamika ». Uno munsi kuva muri presidence, abasenyeri, imigambwe, amashirahamwe yigenga, abasirikale, abamenyesha makuru, abanyagihugu basanzwe, bose bavuga ikibazo kimwe.  » President Nkurunziza ntiyitoze » Je simbona ko abantu nimba batamushaka ko yokwitoza ni kubera iki batomureka akitoza hanyuma mu matora bakamwima amajwi? Nyomba bibaza ko kubera ari kubutegetsi afife inzira nyinsi zo gukoresha CENI kugira yibe amajwi ni ukuvuga ikibazo si Nkurunziza ariko ni CENI. Inguvu abarundi bari hanze bariko barakoresha mukwiyamiriza President Nkurunziza iyo bozikoresheje mu kuja hamwe kugira bubake igihugu ni ukuri igihugu coteye imbere. Ikinteye impungenge ni uko n’aho Nkurunziza yavaho barya bari bamushigikiye nabo bazoca batangura kurwanya uwuzoba ahagiye kuva kumunsi wa mbere gushika kumunsi wa nyuma w’amatora ya 2020. ikindi naco ni uko Nkurunziza Mumubwira aveko ariko ntimumubwire ingene umutekano w’iwe uzogenda inyuma yo kuva kw’ubutegetsi. Itunga ryiwe naryo rizocungwa. igihugu kizokwama kimeze uko. Ico nosaba abarundi bari mu gihugu no hanze. tuje hamwe twiyunvire iyo igihugu dushaka ko kija, turabe umw’umwe wese ico yokora ku ruhare rwiwe kugira tugishikane iyo kija, tumare amatati yose adutandukany kuko ntaho azokwigera adushikana.amaradiyo, Television, ibinyamakuru, vyose bikore kampeni kugira abarundi baje hamwe, abarundi bari hirya no hino barabe opportunites boshobora guhana kugira umurundi wese agire ubuzima bwiza.
    Ikibazo kinini ni uko abarundi bose bahindutse abanyepolitike, ariko bivana n’uko mu burundi atabintu vyinshi bashobora gukora kugira binjize abahela. ni ukuvuga umuntu abuze ikibanza muri politike n’ubuzima bwiwe bugenda nabi. aca atangura kurondera ingene yokuraho urya agiyeko. urya nawe agiyeko aca akoresha nabi ubutegetsi mukwirundirako amahera kuko arazi ko avuyeko ata mahera afise ko ubuzima bwiwe buzogenda nabi. turabe rero ingene two mara ikibazo c’ubukene. Nka wewe Ciramunda woshobora kugenda hirya n’ino ugahura n’abarundi kugira utanguze urunani rwoshobora guhuza abarundi bose kugira babe ikintu kimwe niho ibi bibazo vyose bizohera.
    Mumbabarire maze imyaka myinshi ntakoresha Ururimi Rw’Ikirundi

    • Ndashimye cane iciyumviro ushikirije, iyaba abrundi twese twiyumvira nkawe igihugu kiba carateye imbere. Kuva kuri mwezi Gisabo, ukaca kuri rwagasore, Ngendandumwe, Ndadaye, ntaryamira kugeza n’ubu abarundi ntibarabona ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. Ndashavuzwa n’abavuga nabi igihugu cabibarutse kandi atakindi kintu nakimwe bafise kizobasumbira kwitwa abarundi. Tuje hamwe tukivuge neza hose, hanyuma aducocero tutumesurire mu kigo. Kwitwa umurundi n’agateka katagira uko kangana. Nibasubize ubwenge kugihe kuko urugo rutagenderwa n’abashitsi kiba ari igisaka. Ntamuntu azokugendera mugihe udafise ico urata ciza. Iteka ry’igihugu s’uguhiga kugisambura ahubwo uhiga kucubaka.

      Murakoze.

      • Birakwiye ko Abarundi bose bokwiyumvira ineza y’igihugu cabo.Ndashimye cane ko muzi kandi mwemera kumwe nanje ko ari iteka rinini kwitwa umurundi.Gusa hari igitangaje ari naco kibabaje kandi kinateye isoni iwacu: nuko ABANYOTEWE KO IGIUGU KIGIRA ITEKA BATAGIRA AHO BAVUGIRA, NTIBABONA ICO BOKORA MBERE NIBO BASHOBOYE BIKE,KUBERICO BARATOTEJWE NUBWICANYI KUKO BANKA KWICA, NUBUKENE KUKO BANKA KWIBA, NAKARENGANYO KUKO BASHIMA UBUTUNGANE………..Nimwaba muntahura nshigikiye iki ciyumviro ngo: »Kuva kuri Mwezi Gisabo……….. »ca Luc ariko nkibutsako umuntu agerageje kuraba neza aka kahise, abafise ijambo ryumvirwa mu gihugu ntibigeze bagikunda kandi bamye banka guhanurwa ninaco catumye haba imirwi yaba rebelles.Muri iki kiringo ntayindi ndwano yari ikenewe, nta ki rebelle gikenewe.Kandi aho twari duhiriwe duhishije kuko inzego zifise ijambo,zifata ingingo mugihugu zirongowe ahakuru nabari bararenganijwe uko mvuze gushika naho baja kurwana,abo rero nibo bategerezwa kubitegera imbere yabandi bakanabibigisha mukubatunganiriza uko bikwiye.
        Baptiste ati: » …….Finalement ikibazo nticoba kiri kuri Nkurunziza ahubwo yoba ari CENI… ».Je nk’Umurundi yigenga kandi akunda igihugu ciwe mvuga nti: »niba ingorane yoba ari CENI canke mbere kikaba icitwazo ntakuntu abayifiseko ububasha boyihagrika bakayisubiramwo kuburyo bwumvikanyweko hamwe nabo batayerekwa hako amaraso yirirwa araseseka akarara araseseka mugihugu!!!???Gurtyo twoheza tukaraba ico babandanya kwitwaza mbere aho bibaye ngombwa twonabashengeza dufise ico dufatirako.Munyihanganire kuko jewe ndababazwa cane numuntu apfuye yishwe uwariwe wese,nkababazwa nuwubikoze, nuwubitumye, nuwarashoboye kubibuza akica amatwi.Aba bapfa ni abantu,ni abarundi, nukuri si inka,nazo nyene zicwa hageze ko zibagwa.Vyongora cane kuvuga uno musi ngo Uburundi ni igihugu ciza.Nukuri sivyo ntidusigane inkore kumaso, uyumusi Uburundi ni igihugu cica abana baco kikicwa nabo civyariye.Hari umunyamahanga yateye uburundi???Igikwiye rero nuko ubwambere barya bantu nanditse mundome nkuru(Majuscules) borwanya bivuyinyuma le fanatisme, le favoritisme hama tukubahuka kuvuga,abo bahanze igihugu bakabona ko atawubari inyuma.Ntiboteba gusubira kumurongo ahandi tugumye twigira ngo dukunda igihugu ariko tukaguma dushigikra abagisambura,tubavuganira, ntaho natwe tuzoshika.Nitwaba tukibanza kubazanya tuti:Uwo yishwe yava mumurwi uyuhe wa politique, mubuhe bwoko imbere yo kugira ico tuvuze canke dukoze, ntidutandukanye nabishe igihugu.Ntayindi migambi, ntakundi kujahamwe, ntaniterambere ico cambere kitarashoboka.Tubanze twirabe umwumwe wese ko twaranduye mumutima akokantu naciyeko akarongo.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s